MENYEKANISHA IBIKORWA VYAWE HANO

Jumanne, 11 Februari 2014

BURUNDI: UMUTEKANO WAHAGURUKIWE ... SOMA UTAHURE NEZA

Burundi: Umutekano wahagurukiwe



Abapolisi b'u Burundi

Abapolisi b'u Burundi::::;;; post by blaiton
Igipolisi c'u Burundi cazindukiye mu gikorwa c'umukwabu wo gufata abantu badafise ivyangombwa mu bice bitandukanye mu gihugu cose.
Ibice vyatumberejwe cane n'ibituwe ahanini n'abo mw'idini rya Islam, aho akaba ari i Giteka muri Quartier Swahili, i Muyinga muri Quartier Swahili, i Ngozi, komine Rumonge muri Rumonge hamwe na komine Buyenzi muri Bujumbura.
Abajijwe igituma batumbereje ahatuwe n'aba Islam benshi, umuvugizi w'igipolisi c'u Burundi, Pierre Nkurikiye, yavuze ko ata dini ryatumberejwe, ngo gusa bagiye ahantu hakunze gusangwa abantu benshi badakwijwe ivyangombwa, hashobora kuba isoko ry'umutekano muke.

Iyvabaye muri Kenya

Uyu mukwabu ngo uri mu rwego rwo gukaza umutekano nyuma y'ibiherutse kuba muri Kenya, aho abantu bitwaje ibirwanisho bivugwa ko ari mu mugwi w'intagondwa z'aba Islam, Al Shabaab, bateye isoko rya Wesgate i Nairobi, bagahitana abantu barenga mirongo itandatu.
"Ifatwa ry'aba bantu ni imwe mu ngingo zo gucungera umutekano nyuma y'aho inkozi z'ikibi (Al Shabaab) zivugiye ko zishora gutera igihugu cacu"
Umuvugizi w'igipolisi c'u Burundi, Pierre Nkurikiye
Al Shabaab isanzwe kandi yaragabishije u Burundi ko izobugabako igitero c'abiyahuzi, mu gihe buri mu bihugu vyarungitse abasirikare muri Somalia kurwanya uwo mugwi.
Ikindi gihugu gifise abasirikare muri Somalia, ni Uganda; Al Shabaab ikaba yaragavye igitero c'ibisasu bibiri i Kampala mu 2010, mu kibanza bariko barabiramwo urukino rw'umupira w'amaguru, hapfa abarenga ijana.
Umuvugizi w'igipolisi c'u Burundi yavuze ko gushika isaha zine zo mu gitondo hari hamaze gufatwa amantu barenga 300, ngo ariko babandanije gufata n'abandi.
Ngo hafashwe kandi impuzu z'igisirikare hamwe n'iz'igipolisi, ibiyovyabwenge bitandukanye hamwe n'inzoga zitemewe n'amategeko co kimwe n'ibitoro.
Igipolisi kivuga kandi ko abasanganywe ivyangombwa baciye barekurwa.



Hakuna maoni:

Chapisha Maoni

Zingatia: Mwanachama wa blogu hii tu ndiye anayeweza kuchapisha maoni.