Lolilo ni umuririmvyi amaze kumenyekana haba hano mu Burundi no mu makungu. uwo bikaba bizwi ko afise umukunzi yitwa Loliane, ubu nkuko babitangarije ikinyamakuru IGIHE ngo mu minsi mikeyi bamaranye mu rukundo bamaze kugera kubikorwa vy’intashikirwa harimwo nuko bagiye kuzuza album yabo bompi.
Album yabo ngo ikazoba igizwe n’indirimbo cumi na zibiri kandi icumi murizo bakaba barahejeje kuzitunganya ikazoba yitwa “ Umuhoza”. Ivyo bigatangaza cane kuko bamaranye ikiringo c’amezi atanu bakundana naho Loliane akaba yatanguye gufasha umukunzi wiwe ibijanye no kuririmba mu mezi abiri aheze.
Nkuko bakomeje babivuga yuko mu mpera z’uyu mwaka iyi album izoba imaze kuja kumugaragaro kandi zimwe muri izo ndirimbo zikazoba zifise n’amasanamu yazo.
Si indirimbo gusa bariko barakora kuko bariko barategura n’isinema izoba yitwa My Choice (uwo nahisemo) izoba igaragaza cane ibijanye n’urukundo rwabo ngo kuko batanguye abantu babavugako vyinshi, bamwe bavuga ko batazomarana igihe none ubu bageze mugihe bariko bategura urubanza rwo gushingirwa .

Bakomeza bavugako batazahemukirana kandi Lolilo akarangiza ashimira umukunzi wiwe Loliane kuko abona ko amufatiye runini mukumufasha ibijanye n’umuziki ndetse n’ibindi vyose ngo mbere n’uwambere kuriwe ntawundi yomugereranya.
Naho kubwa Loliane ngo azobandanya afasha umukunzi wiwe umuziki kuko awukunda kandi akaba anamukunda akaboneraho akanya ko kumushimira ingene yatumye nawe abona umukunzi, amurutira bose kandi akamuhindurira ubuzima muri vyose.
TWANDIKIRE IVYIPFUZO VYANYU
Hakuna maoni:
Chapisha Maoni
Zingatia: Mwanachama wa blogu hii tu ndiye anayeweza kuchapisha maoni.