MBE MKOMBOZI YOBA ARI UMUHANUZI? ....soma
Posted blaiton
Abenshi mu bakunzi ba MKOMBOZI bavuga ko indirimbo ziwe zigoye gutahura, Ubu naho havugwa ko ashobora kuba ari umuvugishwa ngo bivanye nivyo aririmba ko bitanguye gushika, aho rero bikaba vyatanguye kumushikira we nyene.
Inyuma yo guhebana n’umwigeme bari bamaranye igihe kitari gito, ivyo yari yarararirimvye biratanguye kwama amababa vyumvyikana hirya no hino.Uyu musore yaririmvye indirimbo zitandukanye ariko zimwe muri zo twovugako bwari ubuhanuzi yariko arihanurira naho atabimenye nkuko abitumenyesha.
MKOMBOZI indirimbo yaririmbanye n’umugwi CATS SOUND bakaba bayikoreye mu nzu ihinyanyura umuziki GOLDEN RECORDS itwarwa na KOOK-K TIFF bakaba bayise THE DANGEROUS ikaba yakozwe na RUBANZI PRO mu gihe yarakiri ino ivuga uko batandukanye nuwo mwigeme, urudome ku rundi, wogira ahubwo nivyo yari yareretswe.
Twamubajije nimba iyo ndirimbo amajambo yari yayandikiye muhira canke yari amajambo yandikiye muri studio, yatubwiye ko indirimbo nka zose afasha abandi azandikira muri studio. Nkuko twari twababwiye zimwe muri zo zivuga ibintu vyamushikiyewe nyene.Amakuru adushikira ava ku bamwegereye avuga ko ivyashikiye umwigeme SHARIF batazira MKOMBOZINE vyo kwirukanwa ku kazi, n’ibindi yari yarabibwiwe na MKOMBOZI mu gihe yabirota ariko uwo mwigeme abifata minenerwe aho yari yanamubwiye ngo asenge cane ariko ngo akaba atabikoze, ivyo bikaba vyamushikiye uko yakabimubwiye.
Mbe ko ugushika kw’ivyo aririmba bitanguriye kuri we bigatandukira no ku mukunzi wiwe, ivyo yavuze ku bandi vyo bizohava bishika?
Mbega ubwo yoba ari karosi ko wumva arotorera abandi?
Mbega wewe abirota avyibazako iki?
Mbe abo abirotorera bo babifata gute?
Mbe mweho mukunda indirimbo ziwe muvyumva gute?
umva indirimbo yanyuma yasohoye
by www.blaitontb.news.com
TWANDIKIRE IVYI PFUZO VYANYU.
Hakuna maoni:
Chapisha Maoni
Zingatia: Mwanachama wa blogu hii tu ndiye anayeweza kuchapisha maoni.