MENYEKANISHA IBIKORWA VYAWE HANO

Alhamisi, 27 Februari 2014

INDAYA Y'ANJE Y'IMBEREYE UMUGORE WUMUTIMA.





Bitewe nuko nakora akazi katampa umwanya wo kuba nashaka umukunzi, niyo mpamvu iyo numva kwifata vyankomereye nagenda mu ndaya kuko nubundi nabonaga akanya mwijoro honyine. Kuja mu ndaya ntivyari ingeso yanje cane kuko najayo rimwe mu mezi atatu. Ariko aho namenyaniye na Solange nagenda  iwe rimwe mu ndwi mwiyumvamwo. Bitewe n'uburyo yanyakiriye neza, natanguye kumva ndamukunze ntagura no kujayo muganiriza kubuzima bwe. ndarabandanije kuja  kumuraba muhira iwiwe nsanga ari kumwe n'uwundi mugabo, nahagararaga ku irembo nkategereza, barangizanya akampa karibu kuburyo ntawundi mukobwa nongeye kuryamana nawe kiretse we. yagezaho ambwiza ukuri ko yitwa Cecile, hagati yanje nawe hatangura kuzamwo urukundo atangura no kuja aranka kumwishura, nanje aho kumwishura nkamuzanira impanuro. Uburyo twaryamana vyarahindutse dutangura no kuja turabikora bitari vyaje muburyo tukaja turaryamana nk'abakunzi, bikaba birimo urukundo rwinshi. Cecile yaje gufata icemezo co kureka ubumaraya kandi yabikoze ntabimusavye niwe yabishaka kubwiwe, arimuka aja kuba mu kandi kasagara. Ico gihe twahise dutangura ubuzima bushasha bw'urukundo turakundana cane inyuma twiyemeza kubana ubu tumaranye imyaka itanu, tuvyaranye abana babiri kandi tubanye neza ntakibazo yambereye umugore w'umutima kuburyo ntari ndizigiye....

Hakuna maoni:

Chapisha Maoni

Zingatia: Mwanachama wa blogu hii tu ndiye anayeweza kuchapisha maoni.