MENYEKANISHA IBIKORWA VYAWE HANO

Jumatatu, 20 Januari 2014

RWASA AGATON NA PIERRE BUYOYA WAFANYA MAZUNGUMZO KWA SIRI KUBWA!!

blaiton news za maskani burundian......


,
Twihweje uko igihugu c’Uburundi kirongowe, naho vyitwa ko kirongowe n’intwaro ishingiye ku migambwe myinshi, biragaragara ko Abarundi benshi n’abakunzi b’Uburundi babona ko gisa n’ikiri mu ntwaro ishingiye ku mugambwe umwe nk’uko vyari bimeze ku ntwaro y’umugambwe umwe UPRONA.
Mu gihugu harangwa intwaro zisa n’izibangabanganye, ingorane zama ari injojo. Muri izo ngorane dusanga hari abanyeporitike bitwa ko baserukira ubutegetsi bwa kera n’abandi bitwa ko baserukira ubutegetsi buhari bagiranira mw’ibanga amasezerano adashika ashingiye ku nyungu zabo bwite canke ku nyungu z’imirwi bitwa ko baserukira.
Umubonano uherutse kubera mw’ibanga rikomeye hagati ya BUYOYA na RWASA ni kimwe mu vyerekana ko iyo mibonano yama iba. Inkuru y’invaho yemeza ko BUYOYA yashoboye gusosereza RWASA ku buryo asa n’uwibagira ingorane za poritike zikomeye zimuhanze. Intumbero ya BUYOYA yari iyo gutuma RWASA yiyunvamwo ko ariwe ashoboye guserukira neza abahutu mu matora yo 2015, kandi iyo ntumbero yarayishitseko.
Uwo mugambi wo kwereka Rwasa ko ari umwami w’abahutu ubangikanye n’ibikorwa vyo kugumura urwaruka rw’abatutsi bo muri Kaminuza y’Uburundi be n’abateshejwe izabo bo mu makambi ya Ruhororo na Bugendana mu ntara za Ngozi na Gitega. Ubwo buryo bwo kubangikanya imigambi mibi bwamye bukoreshwa n’ubutegetsi bwiyitirira ubw’abatutsi. Iyo migumuko ifise intumbero yo gukabura abatutsi no guhamagarira akarere n’amakungu kudakubita urugohe mu kwamiza ijisho ku Burundi mu kubereka ko abatutsi bageramiwe kandi atari vyo. BUYOYA n’umugambwe wiwe UPRONA barindiriye ko Rwasa Agathon yihenda akaja kwiyamamaza mu matora yo 2015 bace basemerera berekana ko itorwa ryiwe rizoba rije guhonya abatutsi.
Inkurikizi yitezwe irazwi. Kubera ko Rwasa asanzwe azwi nabi, Buyoya n’abiwe biteze ko amakungu azoca ahagurukira rimwe akamwiyamiriza. Muri ico gihe, Rwasa azoba yihanvye.
Ba Sokuru barayamaze bati : « Uwutegura kazoza yisunga akahise ». kahise ka vuba kerekana ko Ruka RUKINGAMA,Nikola MAYUGI, NGEZE Fransisiko, Rehonari NYANGOMA, MINANI Jean, NZOJIBWAMI Gusitino, Yohani Bosiko NDAYIKENGURUKIYE, NKURUNZIZA Petero na Yakobo BIGIRIMANA BUYOYA yabakoresheje cane ku nyungu z’umurongo wa poritike yiwe. Munyuma, benshi muri bo yarabataye. Ubu rero haramukiwe RWASA kandi ntazoba ari uwanyuma.
Inkurikizi y’uwo mubonano wabaye mw’ibanga ntangere hagati ya RWASA na BUYOYA ni iyuko RWASA Agathon yaciye afata ingingo yo kuva mu runani ADC-IKIBIRI. Yibaza ko aribwo buryo bwiza bwo gusubirana uburongozi bw’umugambwe FNL gutyo ashobore gushika ku nyungu ziwe bwite. Ivyo mbere aherutse kubigaragariza mu nama yahuza indongozi z’umugambwe yakoresheje kw’igenekerezo rya 07 Kigarama 2013 ku kirimba iwe. Muri iyo nama yaramenyesheje abayitavye ko ariko agerageza kwegera abo batandukanye kugira basubirane n’aho afise amakenga menshi kuri Yakobo Bigirimana. Imbere y’uko iyo nama iba, RWASA Agato yari yabanje kubonanira i Ngozi mu mpisho na Petero NKURUNZIZA. Umugambwe CNDD-FDD uranejerejwe n’inyifato ya Rwasa Agato yo kwikura mu runani ADC –IKIBIRI kuko yibaza ko ivyo bigabanya ijunja ryayo. Inkuru y’imvaho iva mu bihangange vy’umugambwe CNDD-FDD ivuga ko Rwasa adashobora gusubira ku burongozi bwa FNL imbere y’umwaka w’i 2017.
Umuntu yihweje neza ayo makuru yose bituma yibaza ibi bikurikira :
-Mbega RWASA n’abo bari kumwe boba bazi neza uko umugambwe wabo n’uburongozi bwawo bifatwa haba mu Burundi canke mu makungu?
- Ubwo RWASA, BIGIRIMANA Yakobo hamwe n’abo bari kumwe barabona neza ko bariko bakoreshwa n’abakeba babo?
Uko biri kwose, aka niko karyo keza kuri izo ndongozi za FNL ko kwisuzuma bakisubirako bakabona kure rutarabuzurirako.
Ikibwirwa n’icunva, icerekwa naco n’ikibona.

Hakuna maoni:

Chapisha Maoni

Zingatia: Mwanachama wa blogu hii tu ndiye anayeweza kuchapisha maoni.