shimira imana yawe yakushikanye kuruyu musi Urimuzima … Imana ivuga aya majambo yose, iti+: 2 “Ndi Yehova Imana yawe+yagukuye mu gihugu ca Misiri, mu nzu y’abashumba+3 Ntukagire izindi mana+ izo ari zo zose unzana mu maso. 4 “Ntukihingurire igishusho c’ikibazano canke ishusho imeze nk’ikintu ico ari co cose kiri mu majuru hejuru canke kw’isi hasi canke mu mazi munsi y’isi+. 5 Ntukavyunamire canke ngo woshwe kubikorera +kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+, izana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane, ku banyanka+; 6 mugabo nkagirira ubuntu bwuzuye urukundo iyaruka rigira igihumbi ku bankunda bakagumya amabwirizwa yanje+ .7“Ntugafate izina rya Yehova Imana yawe nk’aho ata co rimaze+, kuko Yehova atazoreka guhana uwufata izina ryiwe nk’aho ata co rimaze+,8“Mu kwibuka umusi w’isabato ngo uwufate ko ari mweranda+’9 uzokora akazi kandi urangure igikorwa cawe cose mu misi itandatu+.10 Mugabo umusi ugira indwi ni isabato kuri Yehova Imana yawe+. Ntuze ukore igikorwa na kimwe, wewe canke umuhungu wawe canke umukobwa wawe, umushumba wawe canke umushumbakazi wawe canke igitungwa cawe canke kavamahanga wawe ari mu marembo yawe+. 11 Kuko mu misi itandatu Yehova yakoze amajuru n’isi n’ikiyaga be n’ikintu cose kiri muri vyo+, hanyuma agatangura kuruhuka ku musi ugira indwi+. Ni co gituma Yehova yahezagiye umusi w’isabato, akawugira mweranda+’12 “Tera iteka so na nyoko+kugira ngo imisi yawe ibe myinshi ku butaka Yehova Imana yawe agira aguhe+ 13 “Ntukice+, 14 “Ntukarenge ibigo+.15 “Ntukibe+. 16 “Ntugashinge intahe y’ikinyoma wagiriza mugenzawe+.17 “Ntukipfuze inzu ya mugenzawe. Ntukipfuze umugore wa mugenzawe+, canke umushumba wiwe, canke umushumbakazi wiwe, canke ishūri yiwe, canke indogobwa yiwe, canke ikintu na kimwe ca mugenzawe+.” 18 Ico gihe abantu bose bariko babona imituragaro n’ukurabagiza kw’imiravyo, n’ijwi ry’inzamba, n’umusozi ufumba umwotsi. Abantu ngo babibone, batangura kudegedwa, bahagarara nka hariya+. 19 Baca batangura kubwira Musa bati: “Ba ari wewe uvugana natwe, natwe twumvirize; mugabo Imana ntibe ari yo ivugana natwe, ntiduhave dupfa+.”20 Musa abwira abantu ati: “Ntimutinye, kuko icatumye Imana y’ukuri iza ari ukugira ngo ibageze+, no kugira ngo ukuyitinya kugume imbere y’amaso yanyu ngo ntimucumure+.” 21 Abantu baguma bahagaze nka hariya, mugabo Musa yegera ca kigwi c’igicu cijimye aho Imana y’ukuri yari+’22 Yehova yongera kubwira Musa+ ati: “Ibi ni vyo ubwirizwa kubwira bene Isirayeli: ‘Ubwanyu mwariboneye yuko navuganye namwe ndi mu majuru+.23 Ntimugahingure imana z’ifeza zo kumbangikanya, kandi ntimukihingurire imana z’inzahabu+,24 Uze unkorere igicaniro c’ivu+, kandi uze ugishikanireko amashikanwa yawe aturirwa be n’ibimazi vyawe vy’ugusangira, umukuku wawe n’ubusho bwawe+. Aho nzotuma izina ryanje ryibukwa hose, nzoza kuri wewe kandi sinzobura kuguhezagira+.25 Kandi niwankorera igicaniro c’amabuye, ntuze wubakishe amabuye abajwe. Uramutse ugikojejeko isinzo yawe, uzoba ugihumanije+”26 Kandi ntuze uduge ingazi uja ku gicaniro canje, kugira ngo ibihimba vyawe vy’ibanga ntibije ahabona hejuru yaco.’ MURAKOZE KURIMWESI MUBONYE UBUTUMWA BWI MANA TUMIRA UMUGENZI WAWE >http://www.blaiton.com/wp-content/uploads/2014/11/Upendo-Kilahiro-NKUNDA.mp3
UMVIRIZA INDIRIMBO HANO HEPFO….>>”
Hakuna maoni:
Chapisha Maoni
Zingatia: Mwanachama wa blogu hii tu ndiye anayeweza kuchapisha maoni.