MENYEKANISHA IBIKORWA VYAWE HANO

Ijumaa, 9 Januari 2015

Impamvu itumye Kidum ahagarika ibiteramo yarimwo muri leta zunze ubumwe za amerika, soma ngaha

Kidum Kibido kibuganizo ngo agiye guhagarika ibiteramo arimwo muri leta zunze ubumwe za amerika mu ntumbero yo gukora indirimbo nshasha hamwe n’amasanamu y’indirimbo ziwe aho nyene muri leta zunze ubumwe za amerika nkuko tubishikirizwa n’umwunganizi wiwe(Manager). IZINDI NKURU HANO>> www.blaiton.com
Mu kiganiro yahaye Indundi Magazine yemenyesheje ko Kidum hampande yo gukora izo ndirimbo, ngo agiye no kwandikira indirimbo abantu bazimusavye muri ako gace nyene, ngo akazoca abandanya n’ibindi biteramo bisigaye inyuma y’ico gikorwa. Akaba yanaboneyeho akaryo ko gushimira Diaspora ukuntu bitabira cane ibiteramo vy’uwo muririmvyi.
Mu mpera z’ukwezi kwa 1, ico gihangange kikazoca gishika kandi muri Phoenix aho azoba agiye kumara inyota abatashoboye kumubona aho yaherukayo mu kwezi kwa 3 kwa 2014 ngo kubera batangaje umwanya muri ico giteramo. Akaba aheruka gukora ibiteramo muri Boston, Washington Dc hamwe no muri Portland Maine.
Mu makuru yacu yo hanyuma tukazobabwira abo agiye kwandikira indirimbo hamwe n’ibindi biteramo azoba arimwo mu kwezi kwa 2.    IZINDI NKURU HANO>> www.blaiton.com


Hakuna maoni:

Chapisha Maoni

Zingatia: Mwanachama wa blogu hii tu ndiye anayeweza kuchapisha maoni.