MENYEKANISHA IBIKORWA VYAWE HANO

Jumamosi, 1 Machi 2014

UY'UMUKOBWA YAMEZE UBWANWA AFISE IMYAKA 11.NONE BWABAYE BWISHI..SOMA..


Harnaam Kaur w’imyaka 23 ukomoka mu muji wa Slough mu maja yepfo y’igihugu c’u Bwongereza afise ubwanwa bwinshi kandi ngo kuri we yumva nta co bimutwaye kuko ngo yumva ari ishemwe ridasanzwe.
yatanguye kumera ubwanwa ku myaka 11, ku buryo yabaye umwangavu bwaratanguye kuba bwinshi, aho yarabukata incuro zibiri  mundwi,  kwambara akambara impuzu akaza arabunyegeza.   * nkuko tubibarigwa na.  blaiton news.
Mu kuheza  amashuli  yaageze aho yumva bimuteye isoni anka gusohoka, gusa ngo yava mu rugo ari uko agiye ku masomo gusa.
Akwije  imyaka 16 yaje kwakigwa nyuma yo kubatizwa mu idini rya Sikh, idini rivuga ko umubiri ugomba kuba nk’uko wavutse ,ndetse ko umushatsi n’ubwanwa bitagomba kukatwa, ahubwo ko umuntu aba agomba kubireka bigakura.
Gusa ngo ibi vyo gutereka ubwanwa nta bwo yavyumvise kimwe n’umuryango akomokamwo, ariko Harinama ngo amaze kubona ko arimwo umugeni mwiza cane kandi yiyumvamwo ko ari umukobwa wujuja ivyangombwa vyose ngo arongorwe.
Akaba abandanya avuga ko ubu yiyumva kurusha imyaka iheze kandi ko bizobandanya kandi akaba asaba umuntu wese kudaterwa isoni n’uburyo yaremwe, nuko yaba ateye kose ngo twese turi ibiremwa.   



                 TWANDIKIRE IVYI  PFUZO VYANYU

Hakuna maoni:

Chapisha Maoni

Zingatia: Mwanachama wa blogu hii tu ndiye anayeweza kuchapisha maoni.