Abapatiri b’abarundi ntibasaba kurongora
Ni Patiri Félix Fupi ajejwe ingo n’imiryango muri diyoseze ya Bujumbra abivuga. Uwo yibeye Imana abivuga mugihe Papa Benedigito wa 16 yari asanzwe arongoye Ekereziya Gatorika aheza amabanga yiwe sa tatu z’ijoro kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 28 Ruhuhuma. Uwo murongozi wa Ekleziya gatorika rero asubiza ku mugaragaro ibimenyetso vy’uko atakirongoye Ekleziya Gatorika mu masatatu y’ijoro (amasaha yo mu Burundi). Ibimenyetso rero aza gusubiza muri iryo tanga ry’imihoho ryiwe harimwo umudari muremure hamwe n’ibirato bitukura. Evariste Ngoyagoye, musenyeri wa diyoseze ya Bujumbura wewe avuga ko iryo tanga ry’imihoho rya Papa ata ngorane rizosiga muri Ekereziya gatorika kuko ngo mu myaka ibihumbi bibiri Ekereziya gatorika imaze, imaze guhura n’ingorane ziruta iryo tanga ry’imihoho rya Papa Benoit wa 16. Patiri KAGABO Liboire wewe avuga ko Ekereziya gatorika bikenewe ko isubirwamwo mu vyerekeye intwaro ; kugirango yegereze imico igezweho kw’isi. Gushika ubu ntiharamenyekana uwuzosubira Papa Benoit wa 16. Inama yo kumutora bita « Conclave » izotangura itariki ya 10 Ntwarante. Papa Benoit wa 16 wewe ngo akaba agiye kwibera mu ngoro y’abakukuruke iri hafi ya Roma.
TANGA IVYI FUZO VYAWE NGAHO HEPFO
Hakuna maoni:
Chapisha Maoni
Zingatia: Mwanachama wa blogu hii tu ndiye anayeweza kuchapisha maoni.